Amerika iriko irihweza gusozera intambara ariko umuhora wa ''Hormuz uzocungerwa n'ibihugu biwukoresha''

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida wa Reta Zunze Ubuwe za Amerika yavuze ko bariko barashika ku ntego z'intambara muri Iran, ko rero bariko barihweza ingene boyisozera.
Donald Trump, ariko, avuga ko umuhora wa Hormuz - ucamwo ica gatanu c'ibitoro bikoreshwa kw'isi - uzotegerezwa gucungerwa n'ibindi bihugu biwukoresha.
Yanditse ku rubuga rwiwe Truth Social ati: ''Turi hafi cane yo gushika ku ntego zacu none turiko turihweza gusozera utwigoro twacu twiza twa gisirikare mu Buseruko bwo Hagati ku bijanye n'intwaro y'iterabwoba ya Iran.''
Naho avuga ku muhora wa Hormuz, Trump yabandanije ati: ''Uzotegerezwa gucungwa no kugenzurwa, uko bikenewe, n'ibihugu biwukoresha – Amerika ntawo ikoresha!''
''Hamwe tubisabwe, twofasha ivyo bihugu mu gikorwa ca Hormuz, ariko ntivyotegerezwa gukenerwa mu gihe ikibazo ca Iran coba cavuye mu nzira.
''Kizoba ari igikorwa ca gisirkare coroshe kuri bo.''
''Nta cerekana ko Amerika yiteguriye guhagarika igitero''- umushikiranganji wa Iran ajejwe imigenderanire

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa Iran ajejwe umutekano yakiriye neza ''ikintu cose coza guhagarika iyi ntambara'', avuga ko iyi ntanbara igihugu cabo ''cayikwegewemwo''.
Abbas Araghchi yabwiye ikinyamakuru co mu Buyapani ko Iran ''yiteguriye kwumviriza no kwiga ivyo vyiyumviro.''
Ariko yongerako ko naho hari ibihugu bimwe bimwe birondera inyishu ku matati yo mu Kigobe c'Abarabu, ''bisa n'uko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zititeguriye guhagarika igitero cazo''.
Araghchi avuga ko Iran itarondera agahengwe , ahubwo irondera ''ihagarikwa ryuzuye n'ukurangira kurama kw'iyo ntambara''.
Ico kiganiro ciwe yanagishize kuri konte yiwe ya Instagram, amajambo yaco nayo arandikwa asohorwa n'itororokanirizo Mehrs News Agency rifitaniye isano n'ishirahamwe ryo gukwiragiza Islam, Islamic Propagation Organisation.
Hagati aho intambara irakomeza

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikigo ca Iran kijejwe inguvu za atomic (AEOI) kivuga ko ikigo ca nikereyeri ca Natanz mu maja hagati ya Iran congeye guterwa mu gitondo c'uyu wa gatandatu.
Mw'itangazo ryasohowe n'ibinyamakuru vyo muri Iran, iryo shirahamwe rivuga ko hakozwe isuzumwa ry'uko ata mishwarara yoba yahumanije imicungararo y'ico kigo'
Kivuga ko gishingiye ku vyavuye mw'isuzuma ''nta mishwarara ya nikereyeri yavuye muri ico kibanza, kandi nta bwoba bw'uko abahegereye bageramirwa.''
Iryo shirahamwe ririyamiriza ico gitero, rivuga ko ari ukurenga ku masezerano abuza igwirirana ry'ibigwanisho vya nikereyeri n'izindi ngingo zijanye n'umutekano mu vya nikereyeri.
AEOI yari imaze kuvuga ko habaye igitero kuri Natanz hanyuma ivuga ko ku wa 3 Ntwarante (3) ata mishwarara yagaragaye isohoka iva muri ico kibanza inyuma y'ibitero kuri co mu minsi ibiri imbere yaho.
Mu kwezi kwa gandatu mu mwaka uheze, Amerika yateye ama bombe ku bibanza bitatu vya nikereyeri - Natanz, Fordo na Isfaham - hanyuma Trump avuga ko ivyo bitero ''vyatabagaje'' umugambi wa nikereyeri wa Iran.
Misire zatewe ku kigo ca Diego Garcia
Hagati aho intabara irakomeza. Amakuru avuga ko Iran yarashe misire zibiri za ballistique ku kigo ca gisirikare ca Diego Garcia ca Amerika n'Ubwongereza, ku bw'ibinyamakuru vyo muri Amerika.
Ikinyamakuru The Wall Street Journal, gishingiye ku masoko atandukanye, kivuga ko ivyo bisasu ata na kimwe cagemye ico kigo kiri mw'ibahari Indiano.
Nayo CNN, isubiramwo ivyo yabwiwe n'umutegetsi wo muri Amerika, ivuga ko izo misire zarashwe ku wa gatanu mu gitondo mu masaha y'aho.
Ikirere hagati ya Iran na Diego Garcia kingana na 3.800km. Uwahoze ari indongozi kizigenza ya Iran yari yatanze amategeko ko misire za Iran zitorenga ikirere kingana na 2.000km.
BBC yarondeye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika (Pentagon) n'Ubwongereza ngo bagire ico bavuze. Pentagon yavuze ko ata ''na kimwe ifise ishikiriza muri iki gihe.''













