Iteka Marvella abona akahe kamaro muri karate uri umupfasoni mu Burundi?

Iteka Marvella

Umwigeme Iteka Marvella aratubwire akamaro abona kari mu gukina umukino wa karate uri umupfasoni mu gihugu c'u Burundi.

BBC yamusanze aho ariko arimenyereza maze asigura ingene yabitanguye.

Yagize ati: "Natanguye umukino wa karate mu mwaka wa 2015. Nari nsanzwe ndabibona abandi bariko barawukina bikampimbara, nca mfata ingingo yo kwinjira mu mugwi w'abakinyi bawo.

Ubu rero ngeze ku rwego rw'abafise umukanda w'icatsi kibisi.

"Benshi bazi ko karate ari gukubitana no kubabazanya. Hari n'abazi ko ari umukino wo guhohotera abandi. Si vyo namba. Ahubwo ni umukino umuntu ashobora kwigiramwo indero no kubana neza. N'uwaje atayifise usanga asigaye yigenza neza".

Marvella Iteka yabwiye BBC ko niyashika ku rwego rukomeye rw'umukanda wirabura, yipfuza gutanguza umugwi wo kwigisha abandi bigeme umukino wa karate.

Yagize ati: "Uyu mukino ushobora kugira ico umariye abakobwa bagenzanje kubera nk'akarorero urazi ko abakobwa bakarirwa no gufatwa ku nguvu.

Bazoheza bashobore kwigwanira bongere bikingire.

"Uretse n'ivyo, umuntu azi karate ntawopfa kumuhohotera canke ngo amukubitire ubusa."

Iteka Marvella

Ariko gukina karate ntibisigura ko umwigeme aba yataye indero y'ikirundi. Marvella asigura ko aguma akora udukorwa two muhira nk'uko yahora.

Nka Marvella, hari abandi barundikazi babiri bari ku rwego rw'umukanda w'icatsi kibisi.

Abandi barundikazi babiri bazwi n'ishirahamwe ryabo ko bageze ku mukanda 'Maron', abashika bane, ku wirabura.