Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
OMS: Ikiza ca Ebola kiri muri Congo ntikizotandukira amakungu
Ishami rya Onu rifasha kubungabunga amagara "Organisation Mondiale de la Santé" (OMS), rivuga ko ikiza ca Ebola cadutse muri DR Congo giteye amakenga igihugu ariko kigatera make amakungu.
Ico caduka ngo kiri mu gace ko mu gihugu hagati, OMS ikavuga ko abantu batatu bonyene aribo bazwi ko bapfuye.
Ku bapfuye, babiri muribo ivyabo vyamenyekaniye mu nyubakwa yo gupimiramwo (laboratoire), muri kino gihe bikavugwa ko hoba hari abantu bababa 20 bikekwa ko bafashwe.
OMS ivuga ko hari urucanco ruri mu gihe c'igeragezwa rushobora kujanwa muri ako karere, igihe leta ya Congo yoba irusavye.