Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika yagiriza Korea ya ruguru gukora virisi ya WannaCry
Ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko Korea ya ruguru yagize uruhara rugaragara mu gukoresha virisi ya WannaCry yateye mu bitaro, mu budandaji no mu mabanke kw'isi yose mu ntango y'uwu mwaka.
Bivugwa ko iyo virisi yateye mu makompanyi arenga 300.000 mu bihugu 150 ituma haba agahombo k'amamiriyaridi y'amadolari.
Umuhanuzi wa prezida Trump Thomas Bossert yavugiye ivyo mu kinyamakuru ca Wall Street Journal.
Bubaye ubwa mbere Amerika yagiriza Korea ya ruguru iyo virisi.
Umuhanuzi wa Trump m'uvyo umutekano mu gihugu yavuze ko ivyo abivuga yishimikije ibimenyetso bihari.
Reta y'Ubwongereza hamwe na kompanyi y'inyabwonko ya Microsoft baragirije Korea ya ruguru iyo virisi.
Mu kwezi kwa gatanu inyabwonko zikoresha Windows zaratewe n'iyo virisi zica zirugarwa, abazikoreshwa bakaba basabwa kuriha amahera kugira basubire kuronka ivyarimwo.