Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Igihugu kiracafise ‘ububasha bwo kwikingira’ – Ndayishimiye

Avuze ibi inyuma y'isanganya kw'ikambi irimwo ububiko bunini bw’ibirwanisho n'ibindi bikoresho vy’igisirikare c’Uburundi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gisèle Berwa

  1. Aha ni ho dusoreje amakuru yacu y'ikibiriraho y'uyu munsi. Mwakoze kubana natwe. Ni ah'ejo.

  2. Igisirikare c'Uburundi kimaze gutangaza ibitigiri vy'abazize isanganya ku kigo ca Musaga

    Abantu 13 ni bo bapfuye naho 57 barakomereka, amazu n’imodoka birononekara nk’uko bimaze gutangazwa n’umuvigizi w’igisirikare c’Uburundi Général de Brigade Gaspard Baratuza mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura.

    Ivyo bitigiri vyatangajwe na Baratuza ni ivy’abapfuye muri rusangi bivuye ku isanganya ry’umuriro mu bubiko bw’intwaro mu kigo ca gisirikare ca Camp Base i Musaga mu bumanuko bwa Bujumbura.

    Gen Baratuza yagize ati: “Abakomeretse ni 57 harimo abasivire 54 n’abasirikare batatu”.

    Baratuza yavuze ko “ibikoresho n’inyubakwa vya gisirikare vyasambutse, n’ibindi vyahiye, biratokombera”

    Guturika gukomeye kwamaze amasaha ashika atatu kwahungabanyije ubuzima muri uyu murwa mukuru w’ubukungu w’Uburundi.

    Kuri uyu mugoroba, Prezida Ndayishimiye yashikirije "ijambo ry’indemesho" ku miryango "yaraye ibuze ababo” kubera iryo sanganya.

    Itororokanirizo ry’amakuru AFP ryasubiyemwo umwe mu ntwazangabo zo hejuru avuga ko abapfuye “baharurirwa muri mirongo”.

  3. Trump yavuze ko ‘perezida mushya’ wa Iran yasabye agahenge, gusa nta perezida mushya uzwi Iran ifite

    Donald Trump yatangaje ko “Perezida w’Ubutegetsi bushya bwa Iran” yasabye Amerika agahenge.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwe Truth Social, ntabwo avuga izina ry’uwo mutegetsi gusa avuga ko ari umuntu “udaheza inguni kandi uzi ubwenge cyane kurusha abamubanjirije”.

    Yongeraho ati: “Tuzabireba igihe Umuhora wa Hormuz uzaba ufunguye, kuri bose nta nkomyi. Kugeza icyo gihe, tuzaba duturitsa Iran cyangwa, nk’uko babivuga, tuyisubiza mu gihe cy’imyaka y’ibuye”

    Imyaka y’ibuye ni igihe cya cyera cyane kibarirwa kuva ku myaka miliyoni 3.3 kugeza mu myaka hagati ya 4000 na 2000 mbere ya Yezu.

    Nubwo Trump avuga ko “Perezida w’Ubutegetsi bushya bwa Iran” yasabye Amerika agahenge yasize urujijo ku uwo yavugaga.

    Nubwo bamwe mu bategetsi bakuru ba Iran bishwe kuva iyi ntambara itangiye, Perezida Masoud Pezeshkian aracyariho kandi yagiye aboneka mu ruhame.

    Iran nta perezida mushya ifite kuko Masoud yatowe mu 2024.

    Iran kandi yahakanye ko nta biganiro irimo na Amerika bigamije guhagarika intambara, gusa yemeje ko hagati yabo hari ubutumwa bwatanzwe biciye mu bahuza.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Igihugu kiracafise ‘ububasha bwo kwikingira’ – Ndayishimiye

    Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko Uburundi bugifise “ububasha bwo kwikingira” inyuma y’isanganye ry’umuriro ryaturiye ububiko bunini bw’igisirikare mu kigo ca Camp Base ku Musaga mu gisagara Bujumbura.

    Mu gihe c’amasaha ashika atatu umuriro mwinshi no guturika mw’ijoro ryo ku wa kabiri vyasize impungenge z’uko ibikoresho vyinshi vy’igisirikare c’Uburundi vyatikiye.

    Camp Base ni ikambi irimwo ububiko bunini bw’ibirwanisho n'ibindi bikoresho vy’igisirikare c’Uburundi harimwo n'ibifungurwa.

    Abategetsi b’Uburundi ntibaratangaza igitigiri c’ivyononekaye muri ico kigo ca gisirikare, canke nimba hari n’abagipfiriyemwo n’inkomere.

    Igisirikare catumyeko ikiganiro n’abamenyeshamakuru mu mwanya uza.

    Mu butumwa yashize ku rubuga X, Ndayishimiye yavuze ko aremesha “imiryango yaraye ibuze ababo" anipfuriza abakomerekeye "gukira vuba”.

    Yagize ati: “…nkabizeza ko ata wocika ivutu, ko igihugu kigifise ububasha bwo kwikingira”.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. Umutegetsi w'Ikirenga wa Iran - utaraboneka mu ruhame kuva asimbuye se - yashimangiye gushyigikira Hezbollah

    Mu butumwa bwe bwanditse, Umutegetsi w'Ikirenga wa Iran Mojtaba Khamenei yashimangiye ko ashyigikiye umukuru wa Hezbollah, Naim Qassem.

    Mojtaba yashimiye Hezbollah ku butumwa bwo kwifatanya mu kababaro na Iran kubera iyicwa rya se Ali Khamenei wishwe ku munsi wa mbere w’ibitero bya Amerika na Israel.

    Mojtaba Khamenei ntabwo araboneka mu ruhame cyangwa mu itangazamakuru muri Iran kuva yasimbura se ku wa 8 z'ukwezi gushize kwa Werurwe

    Ariko, mbere na nyuma y’uko ajya ku butegetsi, Israel yari yaratangaje ko azaba umwe mu bantu ishobora guhiga.

    Perezida Donald Trump wa Amerika, yavuze ko Mojtaba Khamenei “ashobora kuba yarapfuye cyangwa ameze nabi cyane, kuko nta muntu urongera kumva amakuru ye.”

    Hagati aho, ambasaderi wa Iran mu Muryango w’Abibumbye i Geneve yavuze ko kutagaragara kwa Khamenei mu ruhame biterwa n’“impamvu z’umutekano.”

    Izindi nkuru wasoma:

  6. Ingaruka z'intambara ku karere: Tanzania yazamuye igiciro cy’ibitoro

    Leta ya Tanzania yatangaje izamuka ry’ibiciro by’ibitoro mu gihugu guhera kuri iyi tariki ya mbere Mata(4).

    Izi ni ingaruka - ku karere ka Afurika y'iburasirazuba - z’ihungabana ry’ubucuruzi bw’ibitoro kw’isi kubera intambara ya Amerika na Israel kuri Iran yatumye umuhora wa Hormuz ucamo 20% by’ibitoro bicuruzwa ku isi ufungwa.

    Litiro imwe ya lisansi i Dar es Salaam yazamutseho amashilingi 956 ya Tanzania (hafi 540 Frw cyangwa 1,100 Bif), ibyateye benshi sakwe sakwe muri uwo mujyi no mu gihugu.

    Ku biciro bishya, litiro imwe ya lisansi iragura 3,820 Tsh (asaga 2,150Frw cyangwa 4,370 BIF) naho litiro ya diesel/mazut igure 3,806 Tsh.

    Ibyo biciro byiyongeraho amashilingi macye hanze y’umujyi wa Dar es Salaam uri ku cyambu ku nyanja y’Ubuhinde.

    Ikigo Energy and Water Utilities Regulatory Authority of Tanzania (EWURA) kigenzura ibiciro by’ingufu cyatangaje ko izamuka ry’ibi biciro bivuye ku ntambara iri mu burasirazuba bwo hagati.

    Zito Kabwe utavuga rumwe n’ubutegetsi muri Tanzania yasabye leta gufasha abaturage koroherwa n’umugogoro w’igiciro cy’ibitoro.

    Izindi nkuru wasoma:

  7. Bujumbura: 'Abantu baharurirwa muri mirongo' bapfuye kubera guturika mu kigo ca gisirikare

    Abantu baharurwa muri mirongo baraye bapfuye mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura inyuma y’uguturika gukomeye n’umuriro vyaturutse mu kigo ca gisirikare ku Musaga, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.

    Radio Isanganiro yo m'Uburundi ivuga ko Adelaïde Hatangayo Musitanteri wa komine Mugere yatangaje ko muri iyo komine– agace ka Musaga gahereyemwo – hapfuye abantu indwi(7) harimwo babiri bapfiriye mw'ibohero rikuru rya Mpimba.

    BBC yavuganye n’uwapfushije umugenzi mu ibohero rya Mpimba, umukenyezi yari amaze igihe gishika ku kwezi kumwe ahapfungiye, atubwira ko bari “mu kababaro nta ngere”.

    AFP isubiramwo intwazangabo yo ku rwego rwo hejuru ivuga ngo “Ubu ntibirashoboka guharura vyose, ariko abantu baharurwa muri mirongo bapfuye, kandi hari amajana niba atari ibihumbi bakomeretse”.

    Gushika ubu reta ntiratanga ibiharuro vyose vy’ivyangiritse n’abapfuye.

    Mu ijoro ryo kuwa kabiri bigitangura, umuvigizi w’igisirikare Generale de Brigade Gaspard Baratuza yabwiye BBC Gahuzamiryango ko icateye guturika mububiko bw’ikigo ca Musaga ari ‘isanganya ry’umuyagankuba’.

    Ico kigo kiri mu gace gatuwe n’abanyagihugu benshi mu gisagara ca Bujumbura kandi cegeranye n’ibindi navyo vy’igisirikare, ibikomeje kongerekanya ubwoba mu babituriye.

    Izindi nkuru wasoma:

  8. DR Congo yatanze konji yo 'kwishimira' kujya mu gikombe cy'isi

    Minisiteri y’umurimo muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC) yatanze ikiruhuko “mu gihugu hose” kuri uyu wa gatatu, nyuma yuko ikipe y’umupira w’amaguru y’icyo gihugu itsindiye itike yo gukina imikino y’igikombe cy’isi cy’uyu mwaka.

    Les Léopards – nkuko iyo kipe yitwa – yabigezeho itsinze ikipe y’igihugu ya Jamaica – izwi ku kabyiniriro ka Reggae Boyz – igitego 1-0 mu mukino wabereye ku kibuga Estadio Akro, muri Mexique, mu ijoro ryacyeye.

    Ni igitego cyinjijwe na myugariro Axel Tuanzebe ku munota wa 100. Asanzwe akinira ikipe ya Burnley yo muri shampiyona y’icyiciro cya mbere mu Bwongereza.

    Itangazo ryashyizweho umukono na Minisitiri w’umurimo Ferdinand Massamba wa Massamba rivuga ko iyo konji (congé) y’uyu munsi ari konji “irihwa”, kandi ko iri mu rwego rw'"ubushake" bwa Perezida Félix Tshisekedi bwo “gutuma abaturage ba Congo bishima mu bumwe, ishyaka, n’ishema ry’igihugu”.

    DRC yaherukaga mu gikombe cy'isi mu 1974, cyari cyabereye mu bwari Ubudage bw'Uburengerazuba, icyo gihe yitwaga Zaïre.

    Mu gikombe cy’isi gitangira ku itariki ya 11 Kamena (6), kizabera mu Canada, Amerika na Mexique, DRC iri mu itsinda K ihuriyemo na Uzbekistan, Portugal, na Colombia.

    Izindi nkuru wasoma:

  9. Israel yagabye ibitero bishya kuri Tehran, Iran na yo irasa misile kuri Israel mu kwihimura

    Ingabo za Israel (IDF) zavuze ko zagabye byinshi byo mu kirere mu ijoro ryacyeye ku murwa mukuru Tehran wa Iran.

    IDF ivuga ko yari igamije ahantu h’ibikorwa-remezo bifitanye isano n’ubutegetsi bwa Iran.

    Iran ntiyahise itangaza niba hari abapfuye cyangwa abakomeretse muri ibyo bitero, cyangwa niba hari ibyangiritse.

    Nyuma yaho, Iran yasubije yohereza misile eshatu kuri Israel, izohereza mu bihe bitandukanye.

    Abantu 14, barimo umukobwa w’imyaka 11 n’umuhungu w’imyaka 13, ni bo bakomereketse mu gitero Iran yagabye mu nkengero z'umujyi wa Tel Aviv.

    Mu makuru mashya ku byerekeye ibikomere byatewe n’icyo gitero, serivisi y'ubutabazi bwihuse ya Israel yitwa Magen David Adom, ivuga ko uwo mukobwa yakomerekejwe n’ibice by’amasasu kandi ko yajyanwe mu bitaro biri hafi aho.

    Iyo serivisi ivuga ko nta bandi bantu bakomerekejwe n’ibi bitero bya Iran.

    Izindi nkuru wasoma:

  10. 'Umuhora wa Hormuz rwose uzafungurwa ariko si wowe uzafungurirwa' – Depite wa Iran abwira Trump

    Umukuru w'akanama (komite) k'umutekano w'igihugu mu nteko ishingamategeko ya Irani, Ebrahim Azizi, yakoresheje konti ye yo ku rubuga nkoranyambaga rwa X kugira ngo yohereze ubutumwa kuri Perezida w'Amerika Donald Trump, amubwira ati: “Umuhora wa Hormuz rwose uzongera gufungurwa, ariko si wowe uzafungurirwa; uzafungurwa ku bazubahiriza amategeko mashya ya Iran.”

    Azizi yavuze ko “imyaka 47 y’urugwiro [ubugwaneza] irarangiye burundu,” aho yakomozaga ku gihe gishize impinduramatwara yo muri Iran ibaye mu 1979.

    Mu buryo bwo kuninura, yongeyeho ati: “Trump yashyize agera ku nzozi ze zo ‘guhindura ubutegetsi’ — ariko mu rwego rw’ubutegetsi bw’ubwikorezi bwo mu mazi magari y’akarere!”

    Akanama k'umutekano w'igihugu ka Irani kemeje gahunda yo guca amafaranga y’inzira ku bwato bunyura mu muhora wa Hormuz, nkuko byatangajwe ku wa mbere n'ibiro ntaramakuru Fars bya leta mu burwo bw'igice.

    Izindi nkuru wasoma:

  11. Uruzinduko muri Amerika rw'Umwami w'Ubwongereza ruraba muri uku kwezi kwa kane, nubwo atazahura n'umuhungu we Harry

    Umwami Charles n’Umwamikazi Camilla bazahura na Perezida w'Amerika Donald Trump mu mpera y’uku kwezi kwa kane, mu ruzinduko rwa leta muri Amerika rwemejwe n'ingoro y'ubwami bw'Ubwongereza, Buckingham Palace.

    Ariko BBC yumva ko mu gihe azaba ari muri urwo ruzinduko, Umwami atazahura n’umuhungu we uba muri Amerika, Igikomangoma Harry.

    Uru ruzinduko muri Amerika rwari rumaze igihe rutegerejwe, ariko inzinduko nk'izi zikorwa mu izina rya leta y’Ubwongereza kandi uko bigaragara itangazo rya leta ryari ritegereje ko habanza kugabanuka ubushyamirane muri politiki bujyanye n’intambara yo muri Iran.

    Amakuru arambuye ya gahunda y'uru rugendo muri Amerika ntaratangazwa, ariko ruzabamo gusura i Washington DC, rukazaba ari rwo ruzinduko rwa mbere rwa leta rw’Ubwongereza rubaye muri Amerika nyuma y'uruzinduko rw’Umwamikazi Elizabeth II rwo mu mwaka wa 2007.

    Kandi mu gihe cyo gutaha avuye muri Amerika, Umwami azanasura Bermuda, ubutaka bwitegeka bw'Ubwongereza buri mu nyanja ya Atlantika.

    Nubwo itangazo rya Buckingham Palace ryavuze gusa uruzinduko ruzaba mu “mpera y’ukwezu kwa kane”, Perezida w'Amerika Donald Trump yanditse ku mbuga nkoranyambaga ko uruzinduko muri Amerika ruzaba kuva ku itariki ya 27 kugeza ku ya 30 z’ukwa kane, harimo n'"Ifunguro Ryiza rya Nimugoroba rizabera muri White House [ibiro bya Perezida w'Amerika] ku mugoroba wo ku itariki ya 28 y’ukwezi kwa kane".

    Izindi nkuru wasoma:

  12. Ubushinwa bwongereye umuhate mu gutuma haba agahenge mu ntambara muri Iran

    Ubushinwa na Pakistan byashyize ahagaragara gahunda igizwe n’ingingo eshanu igamije kugerageza kurangiza intambara muri Iran, gahunda irimo n'agahenge k'ako kanya no kongera gufungura umuhora wa Hormuz.

    Iyi gahunda yateguwe nyuma y’uko minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Pakistan agiye i Beijing gusaba ubufasha bw’Ubushinwa mu bikorwa byo gushaka kurangiza intambara biciye mu biganiro.

    Minisiteri y’ububanyi n’amahanga y’Ubushinwa yatangaje ko ibyo bihugu byombi birimo kugira “umuhate mushya wo guharanira amahoro”.

    Kugeza ubu, igisubizo cy’Ubushinwa ku ntambara iri kuba muri Iran kiracyari gito. Ubushinwa bufite ububiko bw’ibikomoka kuri peteroli kandi ntiburagerwaho cyane n’ibura ryabyo ugereranyije n’ibindi bihugu byinshi byo muri Aziya.

    Ariko hari impungenge ko igice cy’inganda zikomeye z’Ubushinwa, gifatwa nk'inkingi ya mwamba ku nganda z’isi, gishobora kuzahara mu gihe kirekire niba aya makuba akomeje.

    Intambara iri muri Iran ibangamira ikintu Perezida Xi Jinping yifuza cyane – “ituze”. Ubushinwa bukenera ubukungu bw’isi buhamye kugira ngo bukomeze gukura (kwiyongera) no kohereza ibicuruzwa hanze.

    Nyuma y’ukwezi kumwe intambara itangiye, no kuba ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli bikomeje kuzamuka, leta y’Ubushinwa iri kongera umuhate mu gushishikariza ihagarikwa ry’imirwano.

    Ubushinwa bwagerageje mbere kuba umuhuza w’amahoro mu Burasirazuba bwo Hagati, nubwo butabigezeho by'igihe kirambye. Mu 2023, bwagize uruhare mu masezerano hagati ya Arabia Saoudite na Iran yatumye ibihugu byombi byongera kugirana umubano. Mu mwaka wakurikiyeho, mu 2024, bwakiriye abategetsi b’imitwe 14 y’Abanyapalestine, bituma hashyirwaho leta y’ubumwe bw’igihugu.

    Kugeza ubu hari ibimenyetso bicye byuko hari umuntu n'umwe urimo kwitabira iyo gahunda, ariko gusunika iyi gahunda bituma Perezida Xi ashobora kwiyerekana nk’umuhuza utabogamye ushaka amahoro – ndetse bikongera kumushyira mu mwanya utandukanye n'uw'umutegetsi w’ikindi gihugu gikomeye cyane ku isi.

    Izindi nkuru wasoma:

  13. Minisitiri Rubio ati 'Dushobora kubona umurongo wo kurangiza'

    Minisitiri w’ububanyi n’amahanga w’Amerika Marco Rubio avuga ko Amerika irimo guhanahana ubutumwa na Irani ndetse ko iherezo ry’intambara ryegereje.

    Yabwiye umunyamakuru Sean Hannity wa televiziyo Fox News yo muri Amerika ati: “Hari ibiganiro birimo kuba.”

    “Birashoboka ko mu gihe runaka habaho inama itaziguye. Buri gihe ibyo tuzaba tubyiteguye.”

    Ariko yongeyeho ko Perezida w'Amerika Donald Trump atazemera ko “ibiganiro by’urwiyerurutso bikoreshwa nk’amayeri yo gutinza, yo kugira ngo igihe kindi kibe gishira”.

    Nubwo Minisitiri Rubio avuga ko adashaka kuvuga igihe intambara izarangirira, muri icyo kiganiro yabwiye umunyamakuru Hannity ati: “Dushobora kubona umurongo wo kurangiza.”

    Rubio yananenze umuryango wo gutabarana w’Uburayi n’Amerika (OTAN/NATO), avuga ko Amerika ishobora kongera gusuzuma niba uwo muryango “wakoreye iki gihugu [Amerika] neza mu gihe runaka ugikora iyo nshingano”.

    Izindi nkuru wasoma:

  14. Trump avuga ko Amerika izava muri Iran mu 'byumweru bibiri cyangwa bitatu' twaba 'twageze ku masezerano cyangwa tutayagezeho'

    Perezida Donald Trump avuga ko Amerika “izava” muri Irani mu “byumweru bibiri cyangwa bitatu” igihe izaba izi neza ko ubutegetsi bwa Irani buzamara “imyaka” budashobora gukora igisasu kirimbuzi cya nikleyeri.

    Mu kiganiro n’abanyamakuru mu cyumba cyitwa Oval Office cyo mu biro bye White House, Trump yavuze ko Irani irimo “kwingingira kugera ku masezerano” ariko ko niba ibyo bizabaho cyangwa bitazabaho “nta cyo bivuze” ku ngengabihe y’Amerika. Mbere, Irani yahakanye "kwinginga" Amerika ngo bagirane amasezerano.

    Yavuze ko Amerika “izava [muri Irani] vuba aha cyane” kandi ko igikorwa cy’ingabo z’Amerika muri Irani gishobora kurangira mu “byumweru bibiri cyangwa bitatu”.

    Mbere yaho, Perezida wa Irani Masoud Pezeshkian yavuze ko igihugu cye gifite “ubushake bwa ngombwa [bucyenewe]” bwo kurangiza intambara, ko icyangombwa gusa ari uko abanzi bayo bizeza ko intambara itazongera kubura.

    Trump yavuze ko Amerika yageze ku ntego yari yihaye mbere yuko ibitero byo mu kirere kuri Irani bitangira mu mpera y’ukwezi kwa Gashyantare (2) uyu mwaka, ifatanyije na Israel. Avuga ko intego nkuru yo kugabanya ubushobozi bwa Irani bwo kugira intwaro kirimbuzi ya nikleyeri yagezweho ndetse ko ubu Amerika “irimo kurangiza umurimo”.

    Muri icyo kiganiro kandi, Trump yavuze ko ubu Amerika yiganje mu kirere cya Irani ndetse ko yatumye habaho ihinduka ry’ubutegetsi nyuma y’iyicwa ry’abategetsi bo hejuru muri politike no mu gisirikare.

    Avuga ko abategetsi bashya bariho i Tehran ari “abahezanguni gacye cyane” ndetse “bashyira mu gaciro kurushaho” agereranyije n’abababanjirije.

    Trump yongeyeho ko intambara ishobora kurangira nta masezerano agezweho hagati y’impande zombi.

    Avuga ku kwiyongera kw’ibiciro by’ibikomoka kuri peteroli kwatewe n’intambara, Perezida w’Amerika yavuze ko bizagabanuka ako kanya Amerika nirangiza ibikorwa bya gisirikare byayo.

    Izindi nkuru wasoma:

  15. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu muhanga mu buryo bw'aka kanya.

Trending Now